Hariho intambwe nkeya ubu ushobora kwisunga kugira ngo uronke uburenganzira ku rwete rwawe rwa COVID-19 mu gihe umaze gufata izo ncanco zose.
None ayo makuru yawe yuko wacandazwe COVID-19 abitswe hehe?
Uburenganzira bwo bwo kugira uronke amakuru yawe ya kahise k’ugukingirwa uyasanga muri ‘Australian Immunisation Register (AIR)
Mu gihe uronse urucanco, ayo makuru aca yiyandika ahantu ‘register’. Aca aboneka muri konte y’ikarata yawe izwi nka ‘Medicare’ musi y’urukurikirane rw’ayandi makuru ajanye n’izindi canco wafashe muri kahise ‘Immunisation history statement’. Mu bisanzwe abasanzwe batanga urwo rucanco baca bashira ku gihe ivy’amakuru y’urucanco rwawe mu masaha 24 ukimara guhabwa urwo rucanco.
Amakuru yawe ya kahise k’incanco zawe si aya COVID-19 gusa, ariko co kimwe n’ayandi ajanye n’urucanco rundi rwose waronse rwa influenza.
Umuntu wese afise imyaka 14 ku dudga asanzwe afise ibijanye n’icanco yaronse muri kahise.Mu gihe amakuru ajanye n’urucanco rwawe atagaragaye inyuma y’imisi 10, ushobora guhamagara abaguhaye urwo rucanco. Barashobora kumenyesha ico kibazo ‘AIR’ bibaye ngombwa.
Medicare card Source: AAP Image/Mick Tsikas
Abacandazwe incanco zemewe na Australia ariko bakaba baracandazwe bari hakurya y’amazi nabo barashobora gushirako ayo makuru yabo kuri ‘AIR’. Ishirihamwe ‘Services Australia’ rirasigura uburyo wokwongerako ayo makuru ahasanzwe hari kahise k’ibijanyo n’incanco zawe.
Intambwe wofata kugira uronke urwete rwemeza ko wacandazwe
“Ico nogusaba gukora mu gihe woba udafise ikonte, n’ukwuguruza nkote ya ‘myGov’,” vyavuzwe na Hank Jongen, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Services Australia.
“Mu gihe umaze kwugurura ikonte ya myGov, ca uyinywanisha na Medicare.”
Hanyuma uce ‘udownloading application’ yitwa Express Plus Medicare muri terefone yawe ngendanwa.
“Umaze kunywanisha uyo muyoboro kuri konte yawe , uzoca uronka ivyemezo vyose mu kiganza cawe,” vyavuzwe na Mr Jongen.
Mu gihe woba utipfuza gukoresha iyo ‘application’, ubundi buryo wokoresha n’ukuraba ibijanye na kahise k’incanco zawe biciye k’ubuhinga ngurukanabumenyi, hama uhitemwo ‘COVID-19 Digital Certificate’, hama uce uyishira muri terefone ngendanwa yawe canke rutondanyabumenyi ‘computer’Namba ibisanzwe biri muri konte yawe ya ‘Medicare’ bitari ku gihe, mur’ico gihe ntushobora kunywanisha izo konte.
Source: Services Australia
Ishirahamwe Services Australia yarakoze aka . Kagufi gasigura ingene wonywanishwa konte yawe ya ‘Medicare’ hamwe na ‘myGov’ ukoresheje ikarata Medicare.
Ukaba udakwije ibisabwa kugira ngo uronke ikarata ‘Medicare’, urashobora kwifashisha ubuhinga ngurukana bumenyi kugira ngo ubone ivyawe ukoresheje ikizwi nka ‘Individual Healthcare Indentifier Service’ uciye muri myGov. Urwo rwete ushobora guca ururonka ‘download’ canke ukarwongera mu gasaho ‘wallet’ kawe gasanzwe kari muri ubwo buhinga nyene ngurukanabumenyi.
Ivyemezo vy’abana bari musi y’imyaka 14 bacandazwe
Abavyeyi co kimwe n’abarezi b’abana bari musi y’imyaka 14 barafise uburenganzira bwo kuraba ivy’uruncanco biciye muri myGov canke muri ‘application’ya’Medicare’
Abatanga izo ncanco barashobora kugusohorera urwete rw’umwana wawe rwerekana kahise k’incaco yahawe, canke urashobora guhamagara ‘AIR’ kuri 1800 653 809 ugasaba barukurungikire biciye muri posita.
Kwongeramo icete cawe mu bubiko bwawe haba muri terefone yawe ngendanwa canke rutondanyabumenyi ‘computer’
Ishirahamwe Services Australia rirerekana ngaha ingene wokwongeramo urwo rwete mu bubbiko bwawe. Intambwe ziratandukanye bivanye nuko woba ufise ibisabwa vyose kugira uronke ‘Medicare’ kandi ukaba uriko uriko urakoresha ‘application’ yo muri terefone ngendanwa.
Mu gihe udafise terefone igezweho canke utipfuza kuronka urwo rwete bucuye k’ubuhinga ngurukanabumenyi?
“Nubwo tugira abantu inama yuko ‘myGov’ ariyo nzira irashe yo kuronka urwo rwete biciye muri terefone ngendanwa igezeho, mu gihe utabishaka canke utipfuza gukoresha ubwo buryo urashobora guhamagara Services Asutralia kugira uronke urwo rwete. Urashobora gukora ivyo mu kuduhamagara kuri 1800 653 809,” nkuko vyavuze na Jongen.
Abaguhaye urwo rucanco barashobora kugusohorera kahise k’incanco wahawe mu gihe waranka urucanco rwawe.
Mbega amakuru yawe arakingiwe?
Amakuru atangwa n’ishirahamwe Services Australia , amenyesha yuko urwo rwete rwa COVID-19 rufise ubuhinga bugezweho mu ntumbero yo kurinda ibikorwa abagizi ba nabi bo rukoresha.
Wifashishije terefone yawe ngendanwa ukaraba urwo rwete rwawe, urabona yuko hariho umuzingi uhese wugaye ufise amabara yegeranye kandi asobekeranye. Ivyo bisigura yuko iyo sana ihindagura amabara bivanye ni ngene uguma uhindagura terefona yawe ngendanwa.
Urwo rwete kandi rufise ubuhinga buhanitse harimo ikimenyetso cemeza, ibitigiri vy’urwo rwete hamwe bindi vyemezo biri kuri urwo rwete.
N’ubwo bimeze bityo, ‘Express Plus Medicare app’ irafise utunenge duke duke dushobora kwmerera abantu bakihimbira urwete rwemeza yuko bahawe urucanco rwa COVID-19. Ikigo ‘The Australia Cyber Security Centre’ kiriko kiragira inama ibigo vya reta kugira ngo bishigikire umugambi w’iterambere no gukingira ivyo vyete.
Uragabe ubusumaIvyete vya COVID-19 ni k’ubuntu
Authorities are warning against sharing personal details through links contained in unsolicited text messages offering COVID-19 passports. Source: ACCC Scamwatch
Abantu benshi bariko bararonka ubutumwa bugufi buciye muri terefone ngendanwa co kimwe n’amakete muravyo ‘emails’- afise imiyoboro ‘links’, atanga ububasha bwo kuronka igitabo c’inzira kuma dorari $2. Uhamagariwe kudakanda uyo muyoboro ‘link’.
“Ubwo n’ubusuma. Ukanze kuriyo miyoboro ‘links’ zizoca zigusaba umwirondoro wawe w’ibanga, wibese rero ukawutanga, womenya yuko bizogutwara ayarenze amadorari $2,” nkuko vyavuzwe na Jongen
Servcices Australia ifise ibikoresho bitari bike vyogufasha kugira ngo uronke uronke ivyemezo vy’urucanco :