Viza zwi nka ‘Temporary Skill Shortage visa (Subclass 482) zorohoreza abakozi bavuye hakurya y’amazi gukora muri Australia utuzi dukenera ubumenyi kanaka abanegihugu ba Australia badafise.
Bikuru Bikuru:
- Iyi viza iri mu mice itatu- Imyaka ibiri- Imyaka ine- Imyaka ine bivanye n’amasezerano ufitaniye n’uwaguhaye akazi
- Ku bakoresha basanzwe bemerewe kurihira abantu mu vy’akazi, umwanya wo kurindira wasavye iyi viza n’imisi itanu gusa.
- Utegerezwa kwerekana yuko ako kazi wigeze kugakora mu gihe uriko uraba iyo viza
Judit Albecz n’umwe mubasanzwe bafasha abipfunza kurondera ama viza akaba ari n’umushikirizamanza muri Aj Legal Australia. Yavuze yuko hariho ibice bikuru bikuru bishika kuri bitatu umukoresha acamo mu gihe ariko ararondera umukozi avuye mu bindi bihugu.
Ubwambere, umukoresha ategerezwa gusaba ‘ gufata mu mugongo’Ishirahamwe Standard business sponsorship rikora mu buryo bwemewe n’amategeko mbere rikaba rifise n’amateka meza mu gukora ry’isunze ibisabwa n’igisata ca reta kijejwe abimukira hamwe n’amategeko agenga abakozi.
Source: Getty Images/Hidn20 Imagery
Mu gihe umukoresha agiye gusabira umukozi iyo viza, ategerezwa kuriha amadorare AUD 420 ya Australia, kandi ico gisabo kikaba gifise ikiringo c’imyaka itanu kuva umuzi cemerewe ko.
Urudandazwa rwose rurashobora guhitamo gufata mu mugongo hatarinze kurihwa ayandi mafaranga arenzeko gutyo bikagabanya ikiringo gifatwa mu kwiga igisabo ciyo ‘Temporary Skill Shortage visa gushika k’umisi itanu y’akazi.
Igice ca kabiri co gufata mu mugongo umukozi wo hakurya y’amazi kizwi nko ‘Gutoranya’ (Nomination)
‘Gutoranya’ ni mugihe uwugufata mu mugongo canke uwukurihira amafaranga ajanye n’ico gisabo ciyo viza abonye umwenge ukwiye kujamo umukozi murako kazi.
Igisata kijejwe abasohoka n’abanjira ca reta kirashobora kugusaba ngo werekane ishaka ufise mu guha akazi abanegihugu.
Murico gihe rero, abakoresha bategerezwa kwamamaza ako kazi mu buryo bu biri. Hamwe, mu buryo abenegihugu bashikira. Mu gihe badashobora kuronka umwenegihugu yokora ako kazi, murico gihe barashobora kuronderera hakurya y’amazi.Uyo mupfasoni Albecz yamenyesheje igice kigira gatatu mbere akaba ari naco canyuma, ngo ni mugihe uyo mukozi asavye viza.
Government analyst ABARES has predicted a 15 to 25 per cent jump in the price of some fresh fruit and vegetables owing to a labour shortage. Source: Getty Images/pixdeluxe
Haba k’umukoresha canke uwo umukozi ari mu kindi gihugu, abo bompi bategerezwa gushikiriza igisabo cabo mu gisata car eta kijejwe abinjira n’abasohoka.
Yamenyesheje kandi yuko imbere yuko mushikikiriza ico gisabo, ako kazi gategerezwa kuronka uburenganzira bubemerera gufata umukozi mu mugongo kandi uwo batoreye gukora ako kazi akemerwa na reta.
Mu gihe ukwo gufata mu mugongo no gutoranya umukozi vyanse, murico gihe n’igisabo ca viza wariko urasaba naco ntigiheza ngo cemerwe.
Uwusaba ako kazi wese ategerezwa kuba afise urugezo kanaka rw’ikirimi cicongereza, amagara meza eka mbere akagira n’ivyo ategerezwa kuba akwije mu mwirondoro wiwe mbere afise n’ubumenyi bukwiye mu bijanye nako kazi.
Bategerezwa kandi kwerekana yuko bafise ubumenyi bukwiye murako kazi bariko barasaba canke ikindi cose bisa n’ubumenyi murico gisata mu kiringo c’imyaka ibiri. Bamwe bakora umwanya w’amasaha n’imisi mike bo ntibemerewe.Temporary Skill Shortage Visa ifise ibice bitatu- Ikiringo kigufi- Ikiringo kibayabaye hamwe n’igice c’amasezerano y’akazi
Source: Getty Images/JohnnyGreig
Ikiringo kigufi.
Igisata ca reta kijejwe abinjira n’abasohoka gikoresha imisi igera kuri 50 mu kwiga ico gisabo. Ikiguzi cavyo kikaba ari AUD1,265 (Amadorare yamany’Australia).
Kubijanye n’ikiringo kigufi, kiretse ikizwi nka International Trade Obligations gikoze, ahandi umukozi avuye mu kindi gihugu ashobora gukora muri Australia kugeza ikiringo c’imyaka ibiri. Iyi viza nta karyo itanga ko kugira ngo umuntu ashobore kuguma hamwe no kwibera muri Australia kandi yongererwa ikiringo rimwe gusa.
Ikiringo kibayabaye
Kugira ngo ushobore gukora muri kino kiringo, umukozi wese avuye mu kindi gihugu ategerezwa kuba akora mu kazi kari kuri runo rutonde
Ikiguzi c’igisabo kuriyi visa n’amadorare AUD 2,645 hama ugaca urindira ikiringo c’imisi 60 kugirango umenye inyishu wahawe.
Musi yiki kiringo umukozi yaje gukora muri Australia avuye hanze arashobora kuhaguma mu kiringo c’imyaka ine hama mu gihe avyemerewe arashobora no gusaba kuba muri Australia musi y’amategeko agenga abazwi nkaba ‘permanent residency’.
Amasezerano y’akazi
Aya n’amasezerano hagati ya reta ya Australia hamwe n’abakoresha berekanye ubukene bw’abakozi bafise ubumenyi runaka.
Amwe mu mashirahamwe afise ayo masezerano ni hamwe na Dairy, Fishing, Meat, Ministry of Religion, On-hire, Pork, Restaurant (Fine dinning), Advertising hamwe na Horticulture.
Iyi viza ikaba igurwa AUD 2,645 igaha ububasha uwayihawe kuguma muri Australia ikiringo c’imyaka ine hisunzwe ayo masezerano y’akazi
Ivyo bice vyose uko ari bitatu biha uburenganzira uwasavye iyo viza gushiramo umuryango wiwe murico gisabo nabo bakaba bategerezwa kwuzuza bimwe mu bisabwa ku magara yabo hamwe n’umwirondoro wabo. Uwo muryango utegerezwa kuba ufise ‘assurance’ y’ivyo kwivuza kuko nibo bategerezwa kwimenya ku kintu cose kijanye n’amagara yabo mu gihe bari muri Australia.
Menya vyinshi kuvyerekeye canke ugendere urubuga government’s website mu gihe woba ufise icubaza.