- Komanda Jeroen Weimar asanzwe ajejwe ivy’ikiza COVID-19 muri Victoria, yavuze ati mu gihe abantu boba bipfuza gukoresha serivisi zo kwicandagisha mu ngo zabo, bakwiye kubanza kuvugana n’abaganga babo canke bakegera abajejwe amagara y’abantu ubwa mbere.
- Udufukamunwa turakurwaho ahenshi mu makoraniro abera imbere mu mazu mu bice vyo mu buseruko, mu gihe udufukamunwa twongerejwe igihe co kutwambara muri Western Australia.
- Akamo ko ku rwanya ihadabu yatozwa kubarenze amategeko ya COVID-19 kagiye kwumvirwa aho abageramiwe kurusha abanda bagiye gutezurirwa co kimwe n’abadashoboye kuriha.
- Muri NSW, uhereye uno musi sitegeko kwamba agapfukamunwa mu bikorwa bibera imbere mu nzu,ariko tukazokwambarwa mu vyuma rusangi vyo kwiyunguruza, mu bitaro eka no mu mazu ahuririkiyemo abari mu zabukuru.
- Udupfukamunwa tuzokenerwa kubashaka gusura abari mu busho hamwe n’ibiteramo vy’umuziki bibera mu nzu imbere birengeje abantu 1000.
- Uwujejwe amagara y’abantu muri Victoria Martin Foley yavuze yuko reta iriko iritwararika kugira ngo incanco zishobora kubonwa na bose. Yavuze yuko hagunda yo gukoresha incanco abantu bari mu ngo zabo izokwongerezwa ikiringo mbere yuko bazoshiraho n’utuzu two kwicandagisha mu bigo vy’amasengero, aho binonorera imitsi, ibirabo n’amashuri.
- Muri Victoria udupfukamunwa tuzogumaho kubanyeshuri bari mu mwaka wa 3 mu mashuri y’intango kuduga, abakora mu mashuri y’abana bari mu bitamwaka co kimwe n’abari mu mashuri y’intango.
- Yavuze gutyo ngo kubera yuko amashuri y’intango atarigera aronka incanco zibiri
- Muri South Australia, gutamba co kimwe no kuririmba bizokwemererwa mu manza z’umwihariko co kimwe n‘ibibanza biberamo inkino ngo aho bashobora kwicara no hanze, hama mu bibanza naho aho abantu banywa bahagaze ngo ivyo bibanza bizokwakira ibice 50 kw’ijana vy’abantu ico kibanza gisanzwe cakira.
- Reta ya Hong Kong yemeje itegeko ridasanzweriha ububasha abaganga co kimwe n’abaforoma bakomoka mu Bushinwa ngo bakore muri ico gihugu mu ntumbero yo gufasha ku rwanya ikiza ca coronavirisi.
Ibitigiri bishasha kuri COVID-19
Muri Queensland abantu 5,440 nibo bandu COVID-19 hamwe n’indwi bitavye Imana. 350 nibo bari mu bitaro, n’abandi 30 baremvye cane.
Muri Tasmania umwe niwe yitavye Imana, ahama 851 nibo banduye uwo mugera. 11 nibo bari mu bitaro kubera banduye, n’abandi 2 baremvye cane.
ACT ifise abantu 41 bari mu bitaro banduye COVID-19 hamwe n’abandi batatu baremvye cane, Nta muntu yabuze ubuzima ariko abashika 773 bakaba aribo banduye.
Rondera aho wokwisuzumisha COVID-19
Andika canke umenyeshe inyishu waronse ngaha ukoresheje RAT, mu gihe wanduye
Ngaha urarushirizaho gutahura amajambo akereshwa gutandukanye kubera mu kirimi cawe