Ibigezweho kuri COVID-19: Umugera wahitanye babiri muri NSW, Queensland yasibije ikiruhuko cari citezwe.

Aha uhamenyera ibigezweho kuri coronavirus muri Australia kw'itariki 04 Myandagaro 2021.

NSW Premier Gladys Berejiklian arrives to speak to the media during a press conference in Sydney, Wednesday, August 4, 2021. (AAP Image/Joel Carrett) NO ARCHIVING

Source: AAP Image/Joel Carrett

  • Ukwibonekeza kuri hejuru kw’imigera mu karere ka Newcastle
  • Ikiruhuko kizwi nka Ekka muri Brisbane casibijwe
  • Habonetse uwundi muntu yanduye muri South Australia
  • Nta muntu wundi aratorwa yanduye muri Victori


New South Wales 

Intata ta NSW yagize abandi bantu 233 banduye, mu gihe 47 bakiri namduye bakiri muri kominote. Abashika ba biri nibo bamaze guhitanwa nico kiza COVID-19, harimwo uwuri muri myaka 20 yaba mu karere ka Southwest  muri Sydney, bivugwa yuko amagara yiwe yasinzikaye mu mwanya muto.

Uwujejwe amagara y’abantu mur’iyo ntara Dr Kerry Chant asaba abantu baba muri Newcastle kwisuzumisha kuko hamaze kwibonekeza imigera iri ku rwego rwo hejuru murako karere..

Birmingham Gardens, Shortland, Maryland, Fletcher, Minmi, Cameron Park, Mayfield, Stockton, na Fern Bay  nitwo duce duteye amakenga.

Fyonda ngaha urabe urutonde rwa’ahantu wokwicandagirisha .

Queensland

Abantu 17 nibo banduye umugera wa COVID-19 mu ntara ya Queensland, mur’abo 16 bakaba bafitaniye isano n’ico kiza muriyo ntara. Uwugira 17 mur’abo banduye nta sano afitaniye n’abanduriye muri Brisabane, ahubwo we vyamenyeshejwe yuko ari ahitwa Cairns ku mugoroba w’itariki 3 Myandagaro.

Akaruhuko kazwi nka Ekka vyari bitegekanijwe yuko gatangura mu mpera z’iyi ndwi, kahagaritswe ariko bikavugwa yuko kazungururizwa ikindi gihe mur’uno mwaka nyene.

Uwujejwe amagara y’abantu Jeannette Young asaba abantu kwiyumvira gusuma babicishije k’ubuhinga ngurukanabumenyi canke bakaba bahagaritse ivyo baguze hakuguma bagenda genda.

Fyonda ngaha umenye ibijanye n’urucanco mu rurimi rwawe .

Amasaha 24 aheze muri Australia hose.

  • Habonetse uwundi muntu umwe yanduye muri South Australia, uwo muhungu w’imyaka 20 yari mu kato
  • Mu ndwi zirenga zitatu nta wundi muntu araboneka yanduye muri Victoria
Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza

Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:

Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha.   ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kurubuga ngurukanabumenyi .





Genderera NSW Multicultural Health Commnucation ifise serivisi isigura:



Ibibanza vyo gusuzuma mu ntara n’ibisagara:

 
 


Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza mu ntara n’igisagara ubamo:

 
 

Share
Published 4 August 2021 4:42pm
By SBS/ALC Content
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama
Source: SBS


Share this with family and friends