- Victoria kugura ibizofasha muriryo suzuma ryihuta kuma miriyoni $2.2
- NSW yashizeho uburyo bushasha bwo gufasha abikirorera utwabo bari mu bibazo
- Ibice birenze 66% vy’abarengeje imyaka 12 baramaze gucandagwa incanco zose muri Canberra
- Ntamumwe yanduye muri Queensland
Victoria
Abantu bashika 1,420 nibo banduye mu ntara ya Victoria. Cumi n’umwe bitavye Imana, ivyo bitigiri vy’abahitanywe na COVID-19 bikaba vyose bishikanye igitigiri c’abangana na 68 kuva kino kiza gisubiriye kwiha inkumbi gushasha.
Reta ishaka gushira mu ngiro umugambi w’imiriyoni 2.2 z’amadorare (AUD$2.2 million) mu gukoresha uburyo bwihuse cane mu gusuzuma biciye mu gisata cose c’ubuvuzi, imbere yuko bishikirizwa mu “tundi duce tubangamiwe” harimwo amashuri, serivisizihutaw n’ibindi.
Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu Martin Foley yamenyesheje yuko abanye Victoria barenga 90,000 nibo bicandagishije ejo haheze, ivyo bikaba bingana nica kabiri c’incanco zatanzwe mu gihugu cose ku wa Kabiri itariki 5, Gitugutu.
New South Wales
Intara ya NSW yagize abashika 594 banduye n’abashika cumi bahitanywe n’ico kiza.
Umugambi mushasha wiswe ‘’ washizweho kugira ngo ushigikire mu buryo bw’amafaranga abasanzwe bikorera utwabo bariko baraca mu bibazo vy’amafaranga ariko bakaba basanzwe batemerewe imfanshanyo y’ahabwe abikorera utwabo bagizweko ingaruka na COVID-19.
Uyo murwi uzo kwiga ikibazo c’umuntu ku giti ciwe atashoboye kwuzuza ibisabwa n’amategeko kugira aronke imfanshanyo y’umwaka wa 2021 yahawe abikorera utwabo basinzikajwe na COVID-19 muco bise ‘2021 COVID-19 Bursiness Grant, Micro-business Grant and JobSaver payments.”
Australian Capital Territory
Umugwa mukuru wagize abantu 28 banduye, mu gihe umwe yahitanywe n’ikiza COVID-19.
Umwaka akiri muto cane nawe yatowemo umugera mu gihe yari mu bitaro ‘Centenary Hospital for Women and Children’ avugwa.
Ubu hari abashika 395 banduye muri rusangi aho muri ACT.
Vyari vyifashe gute mu masaha 24 aheze.
- Uwuserukira intara ya Queensland Annastacia Palasz,czuk asaba abantu baba mu gace ka Ipswich, Logan, Beaudesert na Sunshine Coast kwicandagisha mu gihe Brisbane iriko iregereza ibice 70 kw’ijana vy’abamaze kwicandagisha urucanco rwa mbere.
Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza
Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:
Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha. ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kugisengebumenyi .
- Amakuru n’ibigezweho mu ndimi zirenga 60 kuri
- Ivyangenderwako mu ntara yawe canke igisagara: , , , , , , .
- Amakuru k’urucanco rwa coronavirus mu kirimi ukoresha .
Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:
Ibibanza vyo gusuzumiramo muri buri ntara n’ibisagara:
Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara: