- Ibibanza hibonekejemo ukwandura cane, zimwe mu ngingo ni hamwe n’amasaha ntarenga yo kuva mu rugo (5h00- 21h00) hamwe no kutarenza isaha imwe mwikarashishi ku musi
- Intara ya Victoria yagize 22 banduye mu buryo butangaje
- Umurwa mu kuru ACT watanguje abashaka kwiyandikisha ngo baronke urucanco rwa Pfizer bari hagati y’imyaka 16-29
- South Australia nayo yatanguye kugerageza umugambi wo gushira mu rugo abari mu kato
New South Wales
Intara ya NSW yagize abantu 818 banduye uno musi mu gihe muri abo 42 bacidegemvya mu kibano kandi banduye. Batatu muri abo bari mu myaka 80 kandi bose bari basanzwe bafise indwara bagendana bitavye Imana.
Uhereye uno musi izindi ngingo zongerejwe muri greater Sydney,() mu gihe abakozi bava mu duce nka Canterbury-Bankstown, Cumberland na Fairfield batagikeneye kwisuzumisha COVID-19 kenshi kugira ngo bashobore gusohoka muri utwo duce twabo baja ku mirimo yabo.
Victoria
Abashika 71 nibo banduye umugera wa COVID-19, mu gihe 22 bataramenyekana iyo banduriye n’uwabanduje. Abandi batanu baracari mu kibano bidegemvya kandi banduye.
Mystery cases were recorded in Essendon West, Camberwell, Thornbury, Fitzroy North, Maidstone and Sorrento.
Abo bataramenyekana iyo banduriye bibonekeje muri Essendon West, Camberwell, Thornbury, Fitzroy North, Maidstone na Sorrento.
Fyonda ngaha umenye urutonde rw’ibibanza abantu banduriyemo co kimwe naho wokwicandagirisha .
Australian Capital Territory
Umurwa mukuru waronse 16 banduye, kandi batatu muri abo baracagirwako amatohoza. Aho ni mu gihe bandi batatu bidegemvya mu kibano kandi banduye.
Abakwije imyaka iri hagati ya 16-29 barashobora kwiyandikisha baciye ngaha kuri runo rubuga kugira ngo bashobore kuronka urukingo rwa Pfizer.
Fyonda ngaha umenye urutonde rw’ibibanza abantu banduriyemo hama ushobore kumenya namba wujuje ivyankenerwa kugira uronke urucanco rwa .
Mu masaha 24 aheze muri Australia
- Muri Queensland habonetse umuntu umwe yanduye kandi ari mu kato.
- South Australia nayo yatanguye kugerageza umugambi wo gushira mu rugo abari mu kato, kugira abantu bishire mu kato mu mihana yabo hako baja muma hoteri, bityo bagakurikiranwa hisunzwe ubuhinga buzwi nka “geo-locaction hamwe na facial recognition software”
Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza
Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:
Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha. ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kurubuga ngurukanabumenyi .
- Amakuru n’ibigezweho mu ndimi zirenga 60 kuri:
- Ivyangenderwako mu ntara yawe canke igisagara: , , , , , , .
- Amakuru kur'urucanco rwa .
Genderera NSW Multicultural Health Commnucation ifise serivisi isigura:
Ibibanza vyo gusuzumiramo umugera mu ntara no mub’ibisagara:
Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza mu ntara n’igisagara ubamo: