- Victoria yarengeje ibice 80 kw’ijana vy’abicandagishije urucanco rwa mber
- NSW igiye kwugurura amashure indwi imwe imbere y’ikiringo cari gitegekanije
- ACT kworoshe ingingo zafashwe uhereye uno musi sa sita y’ijoro
- Haboneste batandatu banduye umugera muri Queensland
Victoria
Abantu 1,438 nibo baraye batowe umugera mu ntara ya Victoria mu gihe 500 muri abo vyibonekeza yuko banduriye mu makoraniro y’inkino za nyuma zariko ziraba. Batanu nibo bitavye Imana.
Uwujejwe guhangana n’ikiza COVID-19 muriyo ntara Jeroen Weimar yagereranije uyo mushibuka w’ibitigiri nk’”intambamyi” mu mugambi wogusubira mu buzima busanzwe muriyo ntara.
Uwuserukira iyo ntara Daniel Andrews yamenyesheje yuko hagiye kugabanywa ikiringo c’uwiteje urucanco rwa mbere rwa Pfizer n’urwa kabiri cari kiri ku ndwi zitandatu kije ku ndwi zitati, kuko iyo ntara izoba ifise incanco zikwiye kugira zishigikire izo mpinduka kuva mu kwezi kuza.
New South Wales
Abagera kuri 941 nibo banduye mu gihe batandatu bitavye Imana.
Uwuserukira intara ya NSW yamenyesheje yuko abana bo mu bitamwaka ‘kindergarten’, co kimwe n’abanyeshuri bo mu mwaka wa mbere na 12 ko bazosubira kwishura kuva itariki 18 Gitugutu, indwi imwe imbere y’ikiringo cari gitegekanijwe.
Abandi banyeshuri bose bazogenda basubira mu masomero yabo uhereye indwi zi biri zizokurikira, itariki 25 Gitugutu hamwe 1 Munyonyo.
Australian Capital Territory
Umurwa mukuru wagize abantu 31 banduye ikiza COVID-19.
Uhereye ku wa Gatanu 1 Gitugutu isaha 00h01 ingingo zimwe zimwe ‘’ ziratezurigwa harimwo ukwisamaza bibera hanze y’amazu vyongerejwe umwanya, parike zisubire kwugurura, mbere na bamwe bamwe mu basanzwe bikorera utwabo bugururirwe.
Abarengeje imyaka 60 ubu baremerewe guterwa urucanco rwo mu bwo bwa Pfizer.
Vyari vyifashe gute mu masaha 24 aheze.
- Akarere ntwaro ka Brisbane, Gold Coast, Logan, Moreton Bay, Townsville na Palm Island bigeye kwinjira igice ca 2 c’ingingo zafashwe ‘’uhereye 16h00kuwa kane, itariki 30 Nyakanga 2021.
- Reta yahishuye yuko agahembo kahabwa abakozi batakaje ubuzi mu kubafata mu mugongo kubera ikiza COVID-19 kazohagarara mu gihe abicandagishije bazoba bageze ku bice 80 kw’ijana incanco zompi.
Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza
Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:
Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha. ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kugisengebumenyi .
- Amakuru n’ibigezweho mu ndimi zirenga 60 kuri
- Ivyangenderwako mu ntara yawe canke igisagara: , , , , , , .
- Amakuru k’urucanco rwa coronavirus mu kirimi ukoresha .
Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:
Ibibanza vyo gusuzumiramo muri buri ntara n’ibisagara:
Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara: