- Intara ya NSW yagize ibitigiri vyo hejuru cane kuva ikiza kigitangura
- Intara ya Victoria mu matohoza y’uwanduye bataratora aho yanduriye
- Muri South Australia habonetse babiri banduye
- Iyindi ndwi yo kwambara agafukamunwa ku baba muri Queensland
New South Wales
Abashika kuri 239 mu ntara ya New South Wales nibo banduye umugera wa coronavirus nayo babiri bitavye imana harimwo umukenyezi w’imyaka 90 hamwe n’umushingantahe ari mu myaka yaza 80, abo bompi bakaba baba mu gisagara ca Sydney mu gace ka South West. Inkomoko y’abanduye bagera 126 iracari mu matohoza mu gihe abagera kuri 81 bari bishize mu kato kuva bakimenya yuko banduye.
Uwurongoye intara ya NSW Gladys Berejiklian yamenyesheje yuko abasanzwe baba mu duce umunani aritwo Fairfield, Canterbury-Bankstown, Liverpool, Cumberland, Blacktown, Parramatta, Campbelltown na George's River, ntibazokwemererwa kurenga ibirometero 5 bavuye aho baba.
Ihadabu ku batambaye agafukamunwa muri NSW yongerejwe kuva kuri $200 gushika kuri $500. Kuva ku musi w’ejo igiporisi kizohabwa ubushobozi bwo kwugara urudandazwa rwose rutazokwubahiriza ingingo zashizweho.
Iyo ntara yabonye abandi batandatu banduye umugera. Abo banduye bose biboneka ko hari isano n’umugera wa coronavirus uzwi nka Delta wasakaye mbere abanduye bakaba bari mu kato.
Abajejwe amagara y’abantu baracagerageza kurondera isoko ry’abanduye ejo hahise.
Amasaha 24 aheze muri Australia hose.
- Intara ya South Australia nayo yabonye abantu ba biri banduye, abo bose bakaba bari mu kato.
- Abantu baba mu duce bategetswe kwambara udufukamunwa mu ndwi imwe.
Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza
Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:
Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha , ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kurubuga ngurukanabumenyi
- Amakuru n’ibigezweho mu ndimi zirenga 60 kuri
- Ivyangenderwako mu ntara yawe canke igisagara : , , , , , , .
- Amakuru kur'urucanco rwa COVID-19 mu rurimi rwawe .
Genderera NSW Multicultural Health Commnucation ifise serivisi isigura:
Ibibanza vyo gusuzuma mu ntara n’ibisagara:
Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza mu ntara n’igisagara ubamo: