- Uwurongoye intara ya Queensland Annastacia Palaszczuk yavuze yuko iyo ntara izshikana 80 kw’ijana vy’abicandangishije ku musi w’ejo, mu gihe umudandaza Clive Palmer ategura kwitwarira reta y’iyo ntara ku mugambi wayo ifise wo kubuza abatikingije kwinjira mu bibanza bimwe bimwe.
- Reta ya Australia irateganya kwemerera abafata ingendo zija muri Koreya y’Epfo hamwe n’Ubuyapani kutishira mu kato. Umushikiranganji wa mbere Scott Morrison yavuze yuko ivyo bihugu vyompi biriko birakorana qinyuma yaho ubwumvikane nk’ubwo bushizweho hagati ya Australia na Singapore.
- Muri Victoria ibice birenga 84 kw’ijana vy’abafise imyaka 12 ku duga baramaze ni buri buri gufata urucanco rwa mbere. Amabwirizwa ngenderwako nka yose ashobora kuzokurwaho ku bamaze gufata izo ncaco zose mu gihe iyo ntara izoba ishikanye 90 kw’ijana vy’abikingije incanco zose.
Ibitigiri kuri COVID-19
Victoria yagize abantu 1,003 banduye, mu gihe 14 bitavye Imana.
NSW yagize 216 banduye, abanda batatu bitama Imana.
Queensland yagize abashika 3 banduye, hama 9 muri ACT.
Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza
Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:
Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kugisengebumenyi .
- Amakuru n’ibigezweho mu ndimi zirenga 60 kuri
- Ivyangenderwako mu ntara yawe canke igisagara: , , , , , , .
- Amakuru k’urucanco rwa coronavirus mu kirimi ukoresha .
Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:
Ibibanza vyo kwisuzumisha muri buri ntara n’ibisagara:
Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara: