Umugamwbi wo kwikingiza (Kwicandagisha)
- Muganga mukuru w’intara ya NSW Dogiteri Kerry Chant asaba uwo wese afise imyaka 18 kurenga kandi akaba amaze gufata urucanco rwa kabiri rwa COVID-19 mu gihe c’amezi atandatu aheze, ko yofata urundi rucanco rwongereza inkomezi izo yafashe ubwa mbere rwo mu bwoko bwa Pfizer.
- Uyo muganga agirako amenyesha yuko nabo bose bafashe urucanco rwa Astra Zeneca ubwa mbere mu gihe c’amezi atandatu aheze, ubu barakeneye urundi rucanco rwa Pfizer rwongereza inkomezi urwo yafashe.
- Intara yo mu burengero (Western Australia) ntabwo ariyo igifise abantu bake bicandagishije, ahubwo ubu n’intara yo mu buraruko (Nothern Territory), aho ibice 63.9 kw’ijana aribo bamaze kwicandagisha gusa incanco zose.
Abafise viza z’agateganyo
- Igisabo ‘ ‘ abantu barenga 40,000 bashize umukono basaba reta ngo abari kuri viza z’agateganyo bahabwe uburenganzira bwo gusohooka igihugu no kwinjira.
Ibitigiri kuri COVID-19
- Victoria yagize abantu bashika 941 banduye COVID-19, mu gihe umunani bitavye Imana
- Abashika 190 nibo banduye muri NSW , aho bane bitavye Imana.
Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza
Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:
Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kugisengebumenyi .
- Amakuru n’ibigezweho mu ndimi zirenga 60 kuri
- Ivyangenderwako mu ntara yawe canke igisagara: , , , , , , .
- Amakuru k’urucanco rwa coronavirus mu kirimi ukoresha .
Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:
Ibibanza vyo kwisuzumisha muri buri ntara n’ibisagara: