- Abagera 180 begereye ishuri riri ku murwa mukuru Canberra bategetswe kwishira mu kato nyuma yaho bikwetseko banduye umugera wa Covid-19 uzwi nka Omicron.
- NSW yatoye abanda bantu batandatu banduye, ivyo bikaba vyatumye abanduye bose uyo mugera bagera kuri 31.
- Kuva itariki 17 Kigarama, abatarikingiza bazokumirwa mu bibanza bimwe bimwe muri Queensland (raba ngaha ivyo bibanza .)
- Umushikiranmganji ajejwe amagara y’abantu yamenyesheje yuko hari uwanduye umugera muri Gold Coast bizananye mu kigo kibamo abakukuruke, ariko gushika ubu akaba atawundu aratorwamo uyo mugera muri ico kigo.
- Ubushakashatsi bwakozwe n’ikigo Australia Red cross bwasanza yuko umuntu umwe kuri batatu bataryoherewe imisi mikuru yimirije ugereranije n’iyindi myaka, mu gihe 61 kw’ijana batewe amakenga n’imiryango isugerejwe mu gihe ingingo zijanye n’ingendo zigumyeho.
Ibitigiri bishasha kuri COVID-19:
Victoria yagize abashika 1,185 banduye n’abandi indwi bitavye Imana
NSW, handuye 260 mu gihe babiri bitavye Imana
ACT habonetse batatu, Queensland umwe.
Kwishira mu kato hamwe n’ingingo zafashwe mu kurwanya ikiza mu ntara ku yindi:
“Menya ivyo wemerewe gukora nivyo utemerewe gukora mu ntara canke igisagara urimo”
Ingendo
Amakuru kubafata ingendo njabukamazi “” na COVID-19 hamwe n’ayandi makuru ku ngendo mu rurimi ukoresha
Imfanshanyo y’amafaranga
Hariho impinduka kuri gahembo gategekanirijwe abagizweko ingaruka iturutse kuri COVID-19 mu gihe intara ishikanye ibice 70 canke 80 kw’ijana vy’abaamaze kwikingiza incanco zose zibiri. Kuronka imfanshanyo mu gihe ca COVID-19 iturutse muri Services Australia mu ndimi ukoresha ‘’
- Amakuru n’ibigezweho mu ndimi zirenga 60 kuri
- Ivyangenderwako mu ntara yawe canke igisagara: , , , , , , .
- Amakuru k’urucanco rwa coronavirus mu kirimi ukoresha .
Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:
Ibibanza vyo kwisuzumisha muri buri ntara n’ibisagara: