- Ibimenyetso vya COVID-19 vyibonekeje mu ntara ya NSW bitazwi aho vyazananye
- Mu ntara ya Victoria abashika 70,000 nibo basavye umubonano wo kwicandagisha urucanco rwa AstraZeneca mu bitaro vyo muriyo ntara
- Abafise imyaka iri hagati ya 16-29 ubu barashobora gusaba kwicandagisha ku mugwa mukuru ACT
New South Wales
Abagera ku 1,116 nibo banduye mu ntara ya NSW mu gihe bane bitavye Imana.
Ibimenyetso vy’umugera wa COVID-19 vyibonekeje mu mazi y’umucafu mu duce nka Thredbo, Merimbula, Port Macquarie, Dunbogan, Bonnie Hills, Warren, Molong, Tamworth hamwe Gunnedah.
Uwuserukira iyo ntara akaba yamenyesheje yuko ingendo njabukamazi zishobora gutangura muri Munyonyo.
Fyonda ngaha ubashe gusaba umubonano w’urucanco uno musi canke ngaha kugira urabe ivyemezo vy’uko wakingiwe .
Victoria
Iyo ntara yagize abashika kw’120 banduye mu gihe babiri bitavye Iman.
Uwuserukira iyo ntara yamenyesheje yuko ingingo zafashwe zizokworoshwa “” – harimwo no kwongereza ibirometero abantu bari bemerewe kuva kuri 5 gushika kwi 10- aho ni mu gihe ibice bishika 70 kw’ijana vyoba vyikingije urucanco rwabo rwa mbere, ivyo bikaba vyitezwe gushika uwa 23 Nyakanga.
Abasanzwe bakora akazi ko kwubaka bazokwemererwa gukora mu gihe ku gice kingana na 50 c’abakozi mu mwanya abakozi bashika 90 kw’ijana bazoba baronse urucanco rwabo rwa mbere.
Kuva itari 7 Nyakanga, abana biga mu mwaka 12 bazohabwa amahirwe y’imbere mu kuronswa uruncanco. Ikibazo kizwi nka “General Achievement Test” kizokorwa itariki 5 Gitugutu, mu gihe gusubira mw’isomero abana bakiga babonana amaso muyandi kubw’igice ca 3 c’amashuri bitazoshoka.
Kuva isaha zitandatu z’ijoro ejo, ibibanza vyo kwinonoreramo imitsi bizokwugururwa.
Australian Capital Territory
Umurwa mukuru ACT wagize abangan ana 23 banduye ikiza mu gihe 12 bacidengemvya mu kibano kandi banduye.
Abasanzwe baba murico gisagara bari hagati y’imyaka 16 na 29 barashobora gusaba gucandarwa urucanco rwa Pfizer mu bibanza vya reta bicandagishwamo abantu mu kivunga canke kwa muganga ku banzwi nk’aba “GP”. Urucanco rukurikira murivyo bibanza aho nyene murico gisagara ntibizobasha kuboneka gushika mu mpera za Gitugutu.
Fyonda ngaha ubashe kumenya ingene usaba umubonano w’urucanco .Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza
Source: ALC
Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:
Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha. ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kurubuga ngurukanabumenyi .
- Amakuru n’ibigezweho mu ndimi zirenga 60 kuri
- Ivyangenderwako mu ntara yawe canke igisagara: , , , , , , .
- Amakuru kur'urucanco rwa COVID-19 mu rurimi rwawe .
Genderera NSW Multicultural Health Commnucation ifise serivisi isigura:
Ibibanza vyo gusuzuma mu ntara n’ibisagara:
Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara: