- Igisirikare kigiye kwifatanya n’abaporisi mu ntumbero yo guhimiriza abantu bubahirize amabwirizwa atangwa n’abajejwe amagara y’abantu
- Indongozi zo mu ntara ya Victoria zatoye isano ry’uwanduye mu buryo butangaje.
- Ishure ryo muri Brisbane ririko rikorerwa isuku ridasanzwe inyuma yaho hibonekeje umunyeshure yanduye COVID-19
- Tasmania yuguruye imbibe zayo n’intara ya Victoria.
New South Wales
Intara ya New South Wales yagize abandi bantu bashika 170 banduye aho 42 mur’abo banduye bari muri kominote.
Uwurongoye intara ya NWS Gladys Berejiklian asaba abantu kugabanya imibonano n’abantu batabana mu nzu imwe mu gihe uwo mugera iciha inkumbi mu bantu no mu bibanza abantu bakoreramo.
Komisere w’igiporisi Mick Fulle agabisha abo bose biyumvira kuja mu myigaragamvyo muriy’imisi irangiriza indwi (weekend) avuga ati, “ abigaragamvya bazohura n’ibihumbi vy’abaporisi”
Abasirikare bashika 300 nabo bazoba batanguye gufasha uhereye kur’uyu wambere kugira ngw’abantu bashobore kuguma mu rugo mu kubarinda kuvangana n’iyindi miryango mu gihe abantu bakirimu rugo.
Victoria
Habonetse abandi bantu batatu banduye umugera wa COVID-19, bose bikabonekako bafitaniye isano n’abari banduye uyo mugera bari basanzwe bari mu kato mu gihe cose bari bamenye yuko banduye.
Uwujejwe amagara y’abantu muri Victoria Martin Foley yavuza ati biciye mu gusuzuma umubiri w’umuntu wose, ivyo bipimo biraheza bikerekanako uwanduye yanduye biciye mubari basanzwe banduye ico kiza, ariko gushika ubu ntibiramenyekana ingene uwo muntu yanduye uwo mugera.
- Abajejwe amagara y’abantu muri Queensland baremeza yuko umunyeshure wo muri Brisbane basanzemwo umugera wa COVID-19 yaramaze kwandura umugera kuva itariki 27 Mukakaro.
- Tasmania yuguruye imbibe zayo na Victoria uhereye uno musi inyuma y’indwi zibiri urwo rubibe rwugaye.
Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza
Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:
Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha . ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kurubuga ngurukanabumenyi .
- Amakuru n’ibigezweho mu ndimi zirenga 60 kuri
- Ivyangenderwako mu ntara yawe canke igisagara , , , , , , .
- Amakuru kur'urucanco rwa .
Genderera NSW Multicultural Health Commnucation ifise serivisi isigura:
Ibibanza vyo gusuzuma mu ntara n’ibisagara:
Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza mu ntara n’igisagara ubamo: