- Mu ntara ya NSW ibice 47.5 kw’ijana vy’abantu barengeje imyaka 16 baramaze kwicandagisha incaco zose zibiri.
- Uhereye isaha zitandatu z’ijoro, guma mu rugo iravanwaho muri Shepparton
- Umurwa mukuru ACT mu gushikira ibice 75 kw’ijana vy’abicandagishije urucano rwa mbere
- Ntawanduye uno musi mu ntara ya Queensland.
New South Wales
Intara ya NSW yagize abashika 1,259 banduye umugera, na 12 bitavye Imana.
Uwuserukira iyo ntara Gladys Berejiklian akaba yamenyesheje yuko iyo ntara yashika ibice 80 kw’ijana vy’abamaze kw’icandagisha urucanco rwa mbere, mbere akaba yasavye abasanzwe baba mu gace k’uburengero bw’iyo ntara kutabusya bwose ngo bijajare.
Uhereye uno musi mw’ijoro, ingingo ijanye n’amasaha yo kuba uri hanze canke ,mu nzu irakurwaho mu duce ntwaro 12 twari twasinzikaye ‘’.
Hisunzwe urutonde reta yashizeho kugira, abantu bakingiwe bazova muri guma mu rugo mu gihe intara yose izoshikana ibice 70 kw’ijana vy’abantu bamaze kwicandagisha incanco zose zibiri.
Victoria
Victoria, handuye abashika 423 hamwe n’abandi babiri bitavye Imana.
Igisagara ca great Ballarat kiratangura guma mu rugo isaha zitandatu z’ijoro uno musi, mbere abasanzwe baba mur’ico gisagara bagahamagarirwa gukurikiza amabwirizwa asa n’abo muri Melbourne mu kiringo c’imisi indwi- kiretse yuko atabijanye n’amasaha haba ayo gutaha canke ayo kuba hanze azoba ashizweho.Guma mu rugo iravaho uno musi mw’ijoro inyuma y’imisi itatu ata muntu yanduye murako gace.
Nyinshi muri gari ya moshi zakorera hagati mu ntara ntizizokora nyuma yaho uwundi mukozi akora mur’ico gisata nawe atorewemo umugera,
Imiduga y’ama bus niyo izosubirira nyinshi muri serivisi V/Line uno musi.
Australian Capital Territory
Abashika 13 nibo banduye mu gihe umunani bidegemvya mu kibano kandi bafise uwo mugera.
Uwujejwe amagara y’abantu umushikiranganji Andrew barr yavuze yuko ibice 75 kw’ijana vy’abantu barengeje imyaka 12 bazoba baronse urucanco rwabo rwa mbere rwa COVID-19 uno musi.
Amasaha 24 aheze muri Australia
- Hisunzwe urwego rwa 3 rw’intambwe yo guhangana na COVID, urucanco ni ngombwa ku bakozi bashobora kwandura cane bivanye naho bakorera.
Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza
Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:
Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha. ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kugisengebumenyi .
- Amakuru n’ibigezweho mu ndimi zirenga 60 kuri
- Ivyangenderwako mu ntara yawe canke igisagara: , , , , , , .
- Amakuru k’urucanco rwa coronavirus mu kirimi ukoresha .
Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health
Ibibanza vyo gusuzumiramo muri buri ntara n’ibisagara:
Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara: