Ibigezweho kuri COVID-19: Ibitigiri vy’abanduye vyongerekanye muri NSW, SA mu muhigo wo kurangiza guma mu rugo

Aha uhamenyera ibigezweho kuri coronavirus muri Australia kw'itariki 24 Mukakaro 2021.

Protesters march along Broadway and George St towards Sydney Town Hall during the ‘World Wide Rally For Freedom’ anti-lockdown rally at Hyde Park in Sydney, Saturday, July 24, 2021. (AAP Image/Mick Tsikas) NO ARCHIVING

Protesters march along Broadway during the World Wide Rally For Freedom anti-lockdown rally at Hyde Park in Sydney, Saturday, July 24, 2021. Source: AAP Image/Mick Tsikas

 

  • Abanduye biyongereye muri NSW
  • Abigaragamvya kubera guma mu rugo muri Sydney na Melbourne
  • Intara ya Victoria yamenyesheje yuko NSW yose ari “extreme risk zone”
  • South Australia mu rugamba rwo kurangiza  guma mu rugo.  
 

 


New South Wales 

Haboneste abandi bantu 163 banduye umugera w’ikiza ca COVID-19 mu ntara ya NSW, ico kikaba arico gitigiri co hejuru c’abantu banduye k’umusi kuvaho umugera wo mu bwoko bwa Detla umenyekaniye muri Ruheshi. Igipolisi co muriyo ntara kikaba catanze ihadabu ku bantu 246 batubahirije amategeko yatanzwe n’abajejwe amagara y’abantu. Gushika ubu abantu bagera kuri batandatu bakaba aribo bamaze kw’itaba Imana.

Ingingo ruhasha ubu zikaba zije ziyongera kuzariho mu bice nka Western Sydney, Cumberland hamwe na Blacktown. Kiretse abakozi bemerewe () nibo bemerewe kwiyunguruza. 

Ronderera ngaha, ibigezweho (urutonde rw’uduce dusinzikaye): 

Victoria 

Intara ya Victoria yaronse abandi bantu 12 banduye ikiza, murabo hakaba harimo babiri banduye biciye mu kibano.

Brett Sutton, akaba ariwe ajejwe amagara y’abantu mu ntara ya NSW yamenyesheje yuko intara yose ya NSW iri muco yise  “extreme risk zone” mu congereza kuva kur’uyu wa Gatanu isaha 23h59min.

Rondera ngaha (uduce twaanduye)   urutonde rw’ahantu canke ikarata . Ingingo za guma mu rugo zihari ubu zizokwongerezwa ikiringo gushika itariki 27 Mukakaro , isaha 23h59min.

Amasaha 24 aheze muri Australia hose  

  • Uwurongoye intara ya South Australia  Steven Marshall avugako iyo ntara iriko iravyifatamo neza kandi ko vuba nko ku wa kabiri ishobora kuba isohotse muri guma mu rugo bityo amashuri agaca yugurura ku wa Gatatu.
  • Umushikiranganji wa mbere Scott Morrison ngo ntashobora kwemeza yuko hazoboneka izindi canco za COVID-19 zizwi nka Pfizer zirenze izihari muri New South Wales
  • Ibihumbi vy’abantu mu myigaragamvyo muri Sydney na Melbourne yo kwiyamiriza guma mu rugo kubera COVID-19


Imigani kuri COVID-19:

Abakiri bato ntibagirwako ingaruka na COVID-19. Ico kiza gisinzikaza, ki kica abageze muza bukuru mbere akaba ari nabo bagwara.

Ukuri kuri COVID-19:

Umugera ugirako ingaruka mbere ugasinzikaza abari mu zabukuru n’abasanzwe bagendana uburwayi, ariko kandi ugasinzikaza hamwe no kwica bamwe mu bakiri bato.



Kwishira mu kato, ingendo, aho basuzumira umugera hamwe n’agahembo kagenewe abasinzikajwe n’ikiza

Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:

NT   na 
QLD  and 
SA   na 
TAS   na 
Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha  , ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kurubuga ngurukanabumenyi .





Genderera NSW Multicultural Health Commnucation ifise serivisi isigura:



Ibibanza vyo gusuzuma mu ntara n’ibisagara:



Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza mu ntara n’igisagara ubamo:


Share
Published 26 July 2021 1:41pm
Updated 26 July 2021 2:16pm
By SBS/ALC Content
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama
Source: SBS


Share this with family and friends