- NSW yagize ibindi bitigiri biri hejuru vy’abandura COVID-19 k’umusi, aho 3,763 batowe uwo mugera, mu gihe ibibanza basuzumiramo abantu vyarengewe.
- Abashika 302 nibo bari mu bitaro muri NSW kubera banduye uyo mugera kuva kuri 284. Muri abo 40 bari mu bitaro bararemvye cane.
- Uwuserukira intara ya NSW Dominic Perrrottet azoshikiriza ikibazo kijanye n’umwanya hagati ya ‘booster shot’ (twovuga nk’incanco ziterwa abikingije COVID-19 zishigikira incaco bafashe) mu ndwi iza aho inama nshingamateka izosubira guterana ku wa Gatatu.
- Ikindi kizokwihwezwa mur’iyo nama nshikiranganji n’ingingo zo kwambara udupfukamunwa mu bihe abandura babandanya kwongerekana mu gihugu cose.
- Umushikiranganji wa mbere Scott Morrison yavuze yuko ivyerekanywe bivuga yuko Australia ishobora gushitsa abantu 200,000 banduye COVID-19 ku musi ngo “ amahirwe ni make cane’.
- Muganga mukuru Paul Kelly yavuze yuko uburyo ibinyamakuru vyashikirije ivyo vyigwa vyerekanywe yuko babishikirije mu buryo bwo ‘kuyovya’ abantu.
- Uwuserukira intara ya Queensland Annastacia Palaszczuk yamenyesheje ingingo nshasha zo kwambara agafukamunwa mu bibaza vyerekana amareresi (isinema), ingoro zo kwidagaduriramo hamwe n’abasanwe bakora mu bisata bitandukanye vyitaho abantu ko iyo ingingo izoshirwa mu ngiro kuva 17h00 ku wa Kane.
- Umuyobozi w’ikigo Moderna yavuze yuko ico kigo kititeze ikibazo na kimwe mu gutunganya ‘booster shot’ mu ntumbero yo gukingira umugera mushasha wa COVID-19 uzwi nka Omicron
Ibitigiri bishasha kuri COVID-19
NSW handuye 3,763 n’abandi babir bitavye Imana, mu gihe muri Victoria 1,503 ari bo banduye, batandatu baritaba Imana
Muri Queensland habonetse 186, Tasmania 12, ACT 58
Kwishira mu kato hamwe n’ingingo zafashwe mu kurwanya ikiza mu ntara ku yindi:
Ingendo
Imfanshanyo y’amafaranga
Hariho impinduka kuri gahembo gategekanirijwe abagizweko ingaruka iturutse kuri COVID-19 mu gihe intara ishikanye ibice 70 canke 80 kw’ijana vy’abaamaze kwikingiza incanco zose zibiri. Kuronka imfanshanyo mu gihe ca COVID-19 iturutse muri Services Australia mu ndimi ukoresha: ‘’
- Amakuru n’ibigezweho mu ndimi zirenga 60 kuri
- Ivyangenderwako mu ntara yawe canke igisagara: , , , , , , .
- Amakuru k’urucanco rwa coronavirus mu kirimi ukoresha .
Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:
Ibibanza vyo kwisuzumisha muri buri ntara n’ibisagara: